Connect with us

World News

America:Trump avuga ko yiteguye kuva muri White House

 1,221 total views,  6 views today

Donald Trump avuga ko azova muri Maison Blanche/White House mu gihe Intumwa z’itora zokwemeza ku mugaragaro ko Joe Biden ari we agiye kuba umukuru w’igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Perezida Trump ntiyemera ko yatsinzwe mu matora yo ku wa 03 z’uku, nijoro ku wa kane akaba yabwiye abanyamakuru ko “bizogorana” ko yemera.

Yasubiriye kandi kuvuga ko amatora yibwe ariko ntiyashobora gutanga ivyemezo

Bwana Biden ari imbere ku majwi 306 kuri 232 ya Perezida Trump ku bitigiri vy’abagize Intumwa z’itora, ari nazo zitora umukuru w’igihugu.

Iki gitigiri gisumba kure cane amajwi 270 asanzwe ategekanijwe kugira ngo uwuhiganira iki kibanza yemezwe ko yatsinze, mbere Bwana Biden akaba ari imbere ku miliyoni zirenga zitandatu z’amajwi rusangi (vote populaire).

Intumwa z’itora zizokorana mu kwezi kuza kugira ngo zemeze umukuru w’igihugu, uwitoje ku giti c’umugambwe w’abaharanira Demokarasi (Democrat), Joe Biden, akaba yiteze gushikirizwa amabanga ku wa 20 z’ukwa mbere umwaka buca utangura wa 2021.

Perezida Trump n’abamushigikiye baritwaye mu masentare atandukanye biyamiriza ivyavuye mu matora, ariko nka hose baratsinzwe.

Mu ntango z’iyi ndwi, Bwana Trump niho yahavuye akemera ko ibikorwa vy’ibisikanya n’umukuru w’igihugu yatowe bitangura, inyuma y’indwi zitari nke hakiri amadidane.

Iyi ngingo ivuga ko Bwana Biden kuva ubu ashobora kuronswa amakuru ajanye n’umutekano, kandi akaronka n’uburenganzira bwo kuvugana n’abategetsi bakuru bakuru ba leta, mbere akaronswa n’amamiliyoni y’amadorari mu bikorwa vyo kwitegurira gushikirizwa ubutegetsi ku wa 20/01/2021.

Trump yavuze iki?

Abajijwe nijoro ku wa kane ko ashobora kwemera kuva muri Maison Blanche mu gihe intumwa z’itora zitomutora, yavuze ati: “Neza cane, neza cane, nzogenda, ico murakizi”.

Hagati aho, yabandanije avuga ko “mu gihe botora Joe Biden, bazoba bakoze ikosa”, mbere anavuga ko ashobora kutazigera yemera ko yatsinzwe.

Ati: “Kwemera ko natsinzwe kizoba ikintu kigoye kuko turazi ko habaye ubusuma”, amajambo yama avuga igihe cose, ariko ata vyemezo atanga.

Nt’anavuga ko azokwitaba iyimikwa rya Bwana Biden.

Ibikorwa bisanzwe biba vyo guhererekanya ubutegetsi hagati y’umukuru w’igihugu n’uwundi, ari navyo vyerekana ko ivyavuye mu matora vyemewe, vyaracerejwe na Perezida Trump kubera yanse kemera ko yatsinzwe.

Mu nteguro y’amatora muri Amerika, abanyagihugu sibo bitorera umukuru w’igihugu. Ahubwo, batora intumwa z’itora 538 hakurikijwe ingene intara (amaleta) agenda asumbasumbanya ibitigiri vy’abazituyemwo.

Izi ntumwa z’itora rero nizo ziheza zigatora, mu bisanzwe zikemeza umukandida aba yatsinze muri leta yabo. N’aho bishoboka ko intumwa zimwe zimwe zishobora kutemeza umukandida yashimwe n’abatoye, nta na rimwe birigera bishika ngo bemeze uwo ababatumye bahisemwo.

Ku ruhande rwiwe, Bwana Biden amaze gutangaza abategetsi bakuru bakuru bazoba bagize leta yiwe igihe Donald Trump azoba amaze kumushikiriza ubutegetsi mu kwa mbere, akavuga ko umurwi wiwe uriko ukorana neza na Maison Blanche ku vyerekeye ibikorwa vy’ibisikanya.

Click to comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Mwamba.rw

Mwamba.rw is website that provides you with the latest Celebrity news, Politics, showbiz especially from  all nation of  E.A.C and all World in General.

More in World News