Uganda: Imodoka yo mu bwoko bwa Rolls-Royce yasubijwe ubwamwi bwa Buganda

 725 total views,  1 views today

Imodoka ya Rolls- Royce Phantom yibwe ubwami bwa Buganda mu 1966 na Idi Amin, kw’itegeko ry’igihugu ca Uganda, yatevye irasubizwa.

Umushikiranganji wa mbere w’ubwami bwa Buganda (Katikkiro), Charles Peter Mayiga, yabwiye BBC ko igihe biba iyo modoka yari afise imyaka itatu gusa.

Mu kiganiro na BBC Newsday yavuze ko isubizwa ry’iyo modoka rifise ikintu gikomeye bisigura:

“Idi Amin nk’umugaba w’ingabo yarungitse umurwi w’abasirikare kuja gutera ku kirimba. Barahasambuye hanyuma batwara amamodoka biba n’ibindi bintu vy’agaciro, ivyo bikaba vyarababaje cane abantu b’i Buganda”.

Imodoka zitanu zaribwe, imwe muri izo irasamburwa, izindi zibiri zikaba zitaramenyekana irengero ryazo.

“Harimwo kandi n’imodoka yo mu bwoko bwa Bentley ya nyina w’umwami arongoye u Buganda muri kino gihe… iri muri Afrika y’Epfo, ni ho twayibonye ubu”.

Mayiga yavuze ko igitero co ku kirimba cambuye agateka umwami, ariko ko igikorwa co gusubiza iyo modoka ari “ikimenyetso ciza”.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *